Overblog Tous les blogs
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
MENU

Zerà Action Burundi Blog

Zerà Action Burundi Blog

Ce blog est offert par la société Zerà Action Burundi,s.a. Ce blog est ouvert à tout intellectuel burundais


Umuco

Publié par zeraction sur 5 Décembre 2014, 13:53pm

Catégories : #Leadership

Vyanditswe Rivardo Niyónīzígiye, umwanditsi kuri blog « Akanyaburunga, a true Burundian inspiration» akaba  n'umuhinga mu mayagwa y'Ikirundi, Bujumbura

 

Inkomoko y'isanamu: Nyen'igisomwa

 

Mu buzima bwacu n'ubw'igihugu tubayemwo birakwiye ko umuntu aba urumuri, umuco ku bo babana, bagendana canke abazomukomokako.
Mu Burundi bwacu, biragaragara ko dukeneye kuba umuco muri vyinshi. Ingorane ni uko tutigera twiyumvira ko bikenewe tukaguma dukora ibitanga umwiza aho gutanga umuco.


Muti none vyogenda gute ngo tube urumuri, umuco kubandi? Hoho ni bande bakeneye kuba umuco w'abandi?


Mpereye kuri ico ca nyuma, abantu bose, ingeri zose n'intara zose zirabikeneye.


1. Abageze mu zabukuru: Barakeneye cane kuba umuco, n'aho bobo basa n'abarangije ikiringo cabo, barakwiye kutwereka inzira itazimiza kuko ngo agashitsi ka kera kavumbika umuriro kandi ngo inyundo irakura ntisumba iyayujuje, tuguma dukeneye akava kuri ba mutama.

 

2. Abahumuye: Abo bantu barakeneye kuba urumuri kuko twese dutambukira mu makanda yabo. Ngo iragirirwa kuyona ikona nkayo, bakoze nabi nta neza tuzomenya ko ikorwa. Aba rero barakeneye kuba umuco utumurikira kugira ngo tibazoturage umwenda wabananiye.

 

3. Abakiri bato: Aba rero nibo babikeneye gusumba! Ngo Ubuja gusha buratagata kandi iyija kurisha ihera ku nama. Utabaye umuco ukiri muto, ngo uvyimenyereze kare, ntuzovyiga ushaje. Igiti kigororwa kikiri gito nayo gikuze riba nka rya hembe ry'impongo ari "wongorora womvuna". Vyongeye, urwaruka nirwo ruba rufise amaraso ashushe igihe barezwe tambuka uze ino canke kura mbone abakwe, nibo baheza bagakora ishano rirenze urugero. Uravye n'abanyapolitike batumvikanye, bakunda gushuhura urwo rwaruka nyene rugatana mu mitwe ngiryo ibara rikagwa. Aha rero mwogaba mwa rwaruka! Twumvise kumwe ko dutegerezwa kuba urumuri rw'abandi, umuco, nta nkeka ko mu Burundi tutazosubira kumva itotezwa uko riri kose, ugufatwa ku nguvu, ubusuma, ubwicanyi,... eka amabi yose mwumva umutima ugasimba.

 


4. Abanyapolitike: Nivyo ko abo bari muri izo ngero zose twavuze aho hejuru ariko bobo nshimye kubadomako urutoke kuko ari abantu bafise igikenye kinini mu buzima bw'igihugu. Vyose bica mu banya politike, vyaba ivy'imibano, amadini, indero,... vyose mubifiseko ijambo kandi usanga mubitereramwo umuganda. Vyongeye mwebwe banyapolitike murumvirwa na benshi. Igisumbirije ni uko mu banyapolitike ariho hava n'abarongora abantu ku rwego rw'igihugu cose.Turakeneye rero abanyapolitike b'umuco bamwe bataronderera inda zabo, badashira imbere ibitagira mvura, ahubwo bumva ko bakorera abanyagihugu babatora. Igihe mu nama nshingamateka, nkenguzamateka, nshikiranganji,... tuzoba tubona ibimuri vy'umuco atari ibimuri vy'umwiza, ntankeka ko tuzoca tubona uburundi butegetera nk' umutoto mwiza w'igiterwa giteye mw'isesero atari mu rwasiro!

 

Umutama adasaza yarayamaze ati: <<Ntawokwatsa itara ngo aryubikeko umubehe.>> Na ntaryo rero, imbere yo gukora ikintu, banza urabe ko ikimuri kiriko caka kuri wewe ari ic'umuco atari ic'umwiza.

 

Umuco
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article

Archives

Articles récents