Overblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog

Zerà Action Burundi Blog

Zerà Action Burundi Blog

Ce blog est offert par la société Zerà Action Burundi,s.a. Ce blog est ouvert à tout intellectuel burundais


Nānkaná Sogόku...Nivyó, Nyogόku

Publié par zeraction sur 26 Octobre 2014, 17:56pm

Catégories : #Arts - Culture et Littérature

Vyanditswe na Rivardo Niyonizigiye, umukunzi w'Ikirundi n'umwanditsi, Bujumbura n’umwanditsi mu kinyamakuru "Akanyaburunga"

 

 

Inkomoko y'isanamu: Iwacu-Burundi.com

Umutwe w'igisomwa kigisahorwa: Inkόmōko y’àmajāmbo amwâmwé akorêshwa kĕnshi mu kirŭndi

Umutwe wahawe igisomwa: Ibiro vy'ubwanditsi bw'ikinyamakuru canyu

Ibihe vy'imenyekanishwa rya mbere: Munyonyo 2012

 

 

1. Biramútāye kuw’ âmâzi: biramunaniye. uw’amazi ni iki? Abo nabajije benshi barahurije kukintu kimwe: uw’amazi ni umubindi w’amazi.
Umubindi w’amazi ntaho uhuriye n’uw’ubuki; iyo wari witeze gusomera, canke gusoma ubuki ugaca urumanga canke ugasoma amazi uba unaniwe. Kaba kagusheshe.

2. Sōkwé………….Nirūzé
Hōba hâvugwa urwârwá?

Ni ruze si urwarwa na gato, ahubwo igihe bavuga urwarwa aba ari harya bavuga ngo soma: dusoma urwarwa. Ico naco nk’uko Alain Boucharlat abisigura mu gitabo yise :”Le Commencement de la Sagesse. les Devinettes au Rwanda”, iryo jambo soma si iry’abarundi. Mu burundi twishura ngo niruze “que ça vienne!”. Iryo naryo, nk’uko RODEGEM abisigura mu ntangamarara y’igitabu c’iwe ngo uwishura igisokoranyo aba avuze ati: “Ni ntagitora urupfu ruce runtwara”. Uca wumva ko havugwa urupfu.

3. Kwîkora/ Kwǐkora mū nda: Urazi neza ko umuvyeyi yibungenze yibungenga mu nda. kwikora mu nda rero ni ukwiyicira icakuvuyemwo.


4. Kwîkora/ Kwǐkora mu kwâha naco, kera iyo abantu bagiye mu rugamba barakunda kujanirako abana na cane cane b’abahungu kugire babamenyereze kurinda. Senaka yatwarirako Gahungu wiwe kugirango aze akure ari intwari. Iyo rwambikanye ntiyamureka ngo yitakarane, ahubwo yamugumiza mu kwaha. Kwikora mu kwaha rero, ni kwiyicira uwo wagendeza mu kwaha. Gisigura kwica uwo wategerezwa gukingira, n’aho ataba ari umwana wawe. ashobora kuba ari uwo murwanira ku ruhande rumwe.
Ayo majambo abiri rero urumva arahuje insiguro ku rugero rutoya.

 

5. Agahūndwé: Umugenzi twayaze kuri iki kibazo yambwiye ko “agahundwe” ari akanogo, akaneka gatoya umugendanyi w’umwami: incoreke yahonyoyemwo itwaye amata y’umwami. Yamata aca araseseka yuzura muri kakanogo. abari aho baratangaye caaaane, kuburyo babuze iyo banyegera. kubona asesa amata y’umwami! kubera agahundwe ahonyoyemwo! Ijambo "agahundwe" ryarakoreshwa kandi mu kuvuga akazu bubakira umukobwa yasaziye i wabo: ariwe bita igisubiramuhira. kari akazu gatoya, gakengeretse nkako kanogo twumvise aho hejuru. umwigeme akubakiwe yaramaramara cane ku bamubona kuko yaba asa n’uwarenzwe. Kubw’ivyo rero, niho umuntu yamaramaye, niho avuga ngo naguye mu gahundwe. Bisigura ngo namaramaye cane.

 

6. Kū nkîko: Ku nkiko rero nyakugira Imana ni mu Burundi neza na neza mu ntara ya Kayanza. Aho rero niho hari inganzo z’abami. Ku bahazi ni hafi y’ikibira hegereye commune Musigati. Urumva ko hari hakomeye muri kahise k’abami kandi n’ubu hakiriko (kuko niho hafashije mukumenya igitigiri c’abami baturongoye). Hashobora kuba hariho ahandi kunkiko, muntara iyi canke iriya; nk’Ibiruri iriho, ariko iyizwi cane ni inkiko ya Kayanza izwi nka Mpotsa.Humura kandi barashobora kuvuga ngo kunkiko bashatse kuvuga ahantu kure hegereye inkengera z’ahantu hanaka. Mwari muzi ko hariho igitutsi bavuga ngo “URAKARWA KU NKIKO?” bashaka kuvuga “kure”.

 

7. Ifu y'îmíjīra: Ifu y’imijira gisigura “isorosoro”. Kugenda/ gushira nk’ifu y’imijira rero gisigura kugenda/gushira isorosoro, Kamwe kamwe. Iryo jambo “ifu y’imijira, abo nabajije bambwira ko ryoba ryavuye ku kuntu ifu iguruwe n’umuyaga igenda. Ni ivyo twokwita ingereranyo y’igikorwa. 

 

8. Inyama ya kíbizí : icerekeye inyama ya kibizi abo twayaze bambwira ko bigoye gutora ngo n’aho boba bafatiye ku kintu cogorana gutora. Ariko baragwa bakagaruka bakemeza ko hategerezwa kuba hariho ico babikuyeko kuko ngo amazina menshi y’ ibintu arafise ico bayafatiyeko. Gusa ntawashoboye kugitomokerwa. Umuntu azobandanya atohoza. Aha reka ngireko nshimira abanyeshure bo mu gisata c’indimi n’amayarwa y’ikinyafirika ku ntererano batanze kuri izi nyishu.

 

9. Umuhîmbiri : muti rero umuhimbiri ni iki? Insiguro y’iryo jambo ntibonekera mu bice birigize; haba namba! KIMWE gusa, ufatiye ku nyitangizo yaryo -mu- urabona ko ari umuntu. Ijambo umuhimbiri rero ryarakoreshwa muri kahise, eka n’ubu. Ku ntwaro ya cami, abo twabajije batubwiye ko iryo jambo ryari rihambaye cane. Ngo ryari izina bita umuntu bivanye n’AMABANGA yari ajejwe. Muti ayo nayo ni nyabaki? Kubera ko umwami atagira aho aja ari umwe; yategerezwa kuba ari kumwe n’ abagendanyi. No mu bindi bikorwa ntiyaba ari umwe. Ni naco gituma atari kugera imbavu n’umwamikazi : kurangura amabanga y’abubatse atawumugumiriza. Uwo rero niwe bita UMUHIMBIRI. Muri kino gihe rero ryarahinduye insiguro ubiravye ihuye n’ivyeze ubu vy’agateka ka zina muntu. Uno musi iryo jambo risigura umuntu agayitse, asuzuguritse,… Ni naho dufise n’irivuga GUHIMBIRA rikoreshwa ku wukoze ikosa risuzuguza canke afise urushatsi rwinshi ruzira isuku.

 

Menya neza: Ibindi bibazo biriko birarondererwa inyishu.Gume mubaza mwandikire Rivardo NIYONIZIGIYE kuri zeraredaction@hotmail.com canke muce kuri akanyaburunga.wodpress.com

 

 

Nānkaná Sogόku...Nivyó, Nyogόku
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article

Archives

Articles récents